Uburundi ni igihugu cifashe, kitaremewe gufashwa, ariko caremewe gufashanya n’ibindi bihugu HD
Kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga, uyu mwaka w’2019, umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA arikumwe n’Umutambukanyi wiwe, yaratanguje icese ku murwa mukuru w’intara ya Karusi, urugendo rw’Urumuri rw’Amahoro, incuro igira 13 mu gihugu cacu c’Uburundi, kucivugo kivuga giti « Tuzirikane igihugu cacu twongere tugiteze imbere ». Tubibutseko Urwo rumuri rw’amahoro, ari ikimenyetso cerekanako amahoro n’umutekano bisasagaye hano mu gihugu cacu c’Uburundi, ico kimenyetso rero kigatembera mu ntara zose z’igihugu mu ntumbero yo gutsimbataza ayo mahoro abarundi baronse banyotewe, hamwe rero no guhimiriza abenegihugu gukamisha ayo mahoro ibikorwa vy’iterambere rusangi. Umukuru w’Igihiugu cacu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA akaba rero yasavyeko urwo rumuri rw’amahoro rwoba igiseke c’amahoro, umuco, iterambere n’urukundo hagati y’abarundi bose. Kaze rero muri kino kiganiro, aho tugaruka no kubindi bikorwa bikuru bikuru Sebarundi yaranguye mu kwezi kwa Nyakanga mu bisata bitandukanye, aha tukavuga nk’igikorwa c’iyugururwa ry’inyubakwa z’akarorero, ziyubakiwe n’abenegihugu ubwabo mu ntara za Karusi, Muyinga, Kayanza, hamwe rero no mu ntara ya Bujumbura, inyubakwa zitiriwe imyaka 57 irangiye Uburundi bwikuyeko intwaro y’abakoroni.